Inyigisho z’Ubutumwa
– Ndagusavye soma ibikuriki:
Itanguriro 1:1 | Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi |
Abaroma 3:23 | Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana |
Yohana 8:34 | Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ukora icaha wese n’umuja w’icaha. |
Imana yaraturemye ariko twe nti tu Yizi kandi twara tandukanye Nayo kubera akaremano kacu k’ ivyaha. Ukubaho kwacu ata Mana nta nsiguro n’ intumbero bifise. Ingorane zo (kwishura ibiciro) vyivyaha vyacu ni urupfu, vyombi mpwemu n’ umubiri. Urupfu rw’ impwemu bisigura gutandukana n’ Imana. Urupfu rw’ umubiri bisigura kubura umubiri. Ni dupfa mu vyaha vyacu tuzaba dutandukanye ibihe vyose n’Imana kandi iherezo ukaja mu muriro w’ intazima. Nigute dushobora kwirinda twenyine ivyaha vyacu hama tuka garukira Imana? Nti dushobora kwikura mu vyaha vyacu twenyene kubera ntibishoboka kubera yuko turabanyavyaha tudashobora kwikura muvyaha twenyene (kurugero umuntu watwawe namazi ntashobora kwirokora wenyenye). Ndetse nabandi nti bashobora kudukura mu vyaha kubera yuko twese turi abanya vyaha ( umuntu umwe watwawe n’ amazi ntashobora kurokora abandi bantu batwawe n’amazi, bose bagomba infashanyo). Twifuza umuntu umwe udafise icaha (utara twawe) kugirango aturokore. Ivyaha vyacu. Utarakora icaha niwe ashobora ku turokora. Nigute tworonka umuntu utarakora icaha muriy’ isi yi vyaha ahantu umwe wese akora ivyaha?
Abaroma 6:23 | Ingeri y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu. |
Yohana 3:16 | Kuk’urukondo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. |
Matayo 1:23 | ngo Raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwota Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe. |
Yohana 8:23 | Na we arababgira, ati Mwebge mwamutse hasi, jeho namutse iyo hejuru; mwebge mur’ab’ iyi si, jeho sind’ uw’ iyi si. |
Mariko1:11 | Ijwi riva mwijuru, riti Niwewe Mwana wanje nkunda ukampimbara. |
Yohana 8:36 | Umwna ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri. |
Yohana 3:3 | Yesu aramwishura, ati N’ukuri n’ukuri ndakubwire: Iy’ umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bg’Imana. |
Yohana 1:12 | Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina tyiwe, |
Imana, yaraturemye kandi iradukunda cane gose, yaduhaye ubuzima. Inyuma y’ urukundo ntangere Yadukunze Yatanze Umwna wikinege, Yesu, gupfira ivyaha vyacu. Yesu n’umuziranenge kubera yuko Atavuye mw’ isi, kandi, no mugihe yari kw’ isi, yanesheje amageragezwa yose y’ivyaha. Ubuzima bwe bunezereza Imana mw’ ijuru. Yesu yikoreye ivyaha vyacu kandi abambwa kumusaraba azira ivyaha vyacu. N’ umucunguzi w’ ubuzima bgacu (Yesu afise ubushobozi bgo kuducungura kubera yuko atahezeyo). Intumbero ya Yesu yo gupfira k’ umusaraba nukw’ ishura igiciro c’ ivyaha vyacu kandi, no, gukuraho ivyaha vyacu kuritwe no kugarura ubusabane bgacu n’Imana. Twongeye kubaho biciye mu mpwemu zinesha urupfu (gutandukana n’Imana) m’ ubushobozi bw’Imana. Ub’ubusabane busha bwitwa kuvuka ubga kabiri. Ibi bitwereka intego yo kurema no kubaho kandi, biduha insiguro y’ ukuri nintego yo kubaho.
Yohana 11:25 | Yesu aramubwira, ati Ni jew kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; |
Abaroma 6:9 | Kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa urupfu, urupfu rutakimuganza. |
Ivyakozwe n’intumwa 2:24 | Arikw Imana yaramuzuye, kuko bitashobotse ko rumugumya. |
Abaroma 14:9 | Kukw icatumye Kristo apfa, akazuka, ar’ukugira ngw abe Umwami w’abapfuye kandi n’uw’abariho. |
Ivyakozwe n’intumwa 1:11 | Barabazi, bati Yemwe bagabo b’I Galilaya, n’iki gitumye muhagaze muraba mw ijuru? Uyo Yesu, abakuwemo, akaduzwa mw ijuru. |
Niki kitwereka yuko igitambo Yesu yapfuye azira ivyaha vyacu yuko ivyo vyemewe n’Imana mwijuru? Igihamya ku Mana nuko yazuye Yesu mubapfuye. Mukuzuka Kwiwe, Vyerekana yuko Yesu yanesheje urupfu (canke, muyindinsiguro, urupfu ntirufise imbaraga Kuriwe). Uburero, kukuvuga ko, kuberako Yesu arimuzima, natwe turashobora kubaho. Ubuzima bgiwe muritwe buduha kubaho. Kandi, kuberako yazutse, Nimuzima uyumunsi.
Yohana 5:24 | N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa murukinja arikw aba vuye murupfu, ashitse mu bugingo. |
Yohana 10:9 | Ni jwe rembo, kand’ ushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya. |
Yohana 14:6 | Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye. |
Yohana 8:24 | Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu. |
Yohana 4:12 | Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina munsi y’ijuru ry’ahawe abantu dukwiye gukirizwamwo. |
Abaroma 10:13 | kuko, Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa. |
Abaroma 10:11 | Kukwivyanditse bivuga, ng’ Umwizera wese ntazoterwa n’isoni. |
Abaroma 2:11 | kukw Imana itarobanuro abantu ku cubahiro. |
Abaroma 3:22 | n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro; |
Abaroma 10:9 | Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa. |
Nigute ivyaha vyacu bishobora kuvako hama tukakira ubuzima busha? mukwizera Yesu nk’ Umwmi n’Umucunguzi wacu. Nitwihana inzira z’ivyaha vyacu hama tugahamagara Yesu ngo atubabarire kandi aducungure, Azobikora. Yesu n’ Umwana w’Imana. Imana nti yiyerekana igice. Ntakumiriwe n’– naho dutuye, ururimi tuvuga, ubutunzi canke ubukene, umugabo canke umupfasoni, umuto canke umunt akuze, canke uko uteye kose. Umuntu wese wizera hama akihana ivyaha vyiwe kuri Yesu azokizwa. Ikindi no gusenga ugomba gusenga mugihe wahisemo gukurikira Yesu:
Mara iri mwijuru, Ndagushimiye yuko Wohereje Umwana Wawe wikinege, gupfira ivyaha vyanje kugirango Nkizwe kandi ngo nzobone ubuzima busha mwijuru. Nndihanye inzira zanje kandi ndagusaba imbabazi ivyaha vyanje. Ndizera mwizina rya Yesu kandi Nakiriye Yesu nk’ Umwami n’Umukiza wanje. Mfasha kandi unyobore kugirango mbeho mubizima bu gushimishije mur’ubu buzima musha Wampaye. Amen
Niba uzaba wakoze isengesho aha hejuru, saba Imana ikwereke ingoro ujamo. Bwira Imana mumasengesho hama Imana izagusubiza. Umviriza ijwi ry’Imana. Imana izakuyobora. Iragukunda kandi izakurinda. Urashobora ku Yizera. Ntarigera ahemukira abantu bose bayizigiye. Imana n’Imana nziza. Niyo kwizigigwa. Urashobora ku Yizigira ubuzima bgawe bgose. Uzane ivyifuzo vyawe vyose imbere Yayo. Izagufasha kandi izaguhezagira. Imana iravuga, “Sinza guta canke ngo ngutererane”. Wizere Imana. Uheza girwe biciye muri Yesu.
Soma Bibiliya iminsi yose, uzatangurire mugitabo ca Yohana. Niwakenera insiguro ninshi kuri internet, kanda hano.